Reta ya Somaliya ishikiriza ko ititeguye gufata ingingo ishobora gutosekaza imigenderanire n’igihugu kibanyi ca Kenya.
Muri iyi ndwi, bamwe mu bashingamateka hamwe n’abadiplomate ba reta ya Somaliya bariko bitegura kuja mu nama yatunganijwe n’umuryango w’ubumwe bwa Buraya i Nairobi barimwe uburenganzira bwa Visa bwo kwinjira muri Kenya.
Uko kwimwa visa gufitaniye isano no kutumvikana hagati y’ivyo bihugu bibiri bipfa ku kugenzura akarere k’ibilometero kwadrato 100,000 mw’ibahari Indiana hakekwa kuba hari igitoro na gaze. Mu kwezi kwa kabiri, Kenya yaratumyeko ambasaderi wayo muri Somaliya kubw’uko kutumvikana.
Somaliya yaritwariye Kenya muri sentare mpuzamakungu y’ubutungane mu 2014, ivuga ko inzira zose zo kwumvikana yazigerageje biranka .
Facebook Forum