Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU gifasha impunzi z’abanyepalestina caragabishije amakungu ejo kuwa gatatu ko amafaranga gikoresha azohera mu ndwi nkeyi ziri imbere, mu gihe abafasha batogira ico bakoze vuba. Komiseri mukuru ajejwe ivy’impunzi Pierre Krähenbühl yabibwiye akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kw’isi ejo kuwa gatatu.
Ico gisata UNRWA, gifasha impunzi z’abanyepalestina zirenga imiliyoni zitanu mu ntara ya Gaza, Cisjordaniya, Yorodaniya, Libani na Siriya. Ivyo bafashishwa harimwo inyigisho mu mashure hamwe n’ivyo amagara y’abantu.
Mu gihe ata cokorwa mu kuronsa ico kigo uburyo bw’amafaranga, abarongoye ico kigo bavuga ko amashure 715 ashobora kutazokwugurura ku gihe mu kwezi kwa munani, ahiga abanyeshure bashika ku gice c’umuliyoni, ndetse no gutanga imfashanyo z’ibifungurwa bizoca bihagarara.
Facebook Forum