Uko wahagera

Siriya Yoba Yongeye Gutera Ivyuka vy'Ubumara?


Bombe yatewe na kajugujugu i Karsaa, mu ntara ya Idlib ya Isiya, Itariki 7/05/2019.
Bombe yatewe na kajugujugu i Karsaa, mu ntara ya Idlib ya Isiya, Itariki 7/05/2019.

Igihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika gishikiriza ko hari ibimenyetso vy’uko reta ya Bashar al-Assad muri Siriya yoba kandi iriko irakoresha ibirwanisho vy’ubumara kandi gisaba abanyesiriya kubihagarika.

Ubushikiranganji bw’Amerika bw’imigenderanire n’ayandi makungu bwashikirije ejo kuwa kabiri ko bibaza ko abasirikare ba Siriya bari inyuma y’igitero hakoreshejwe ivyuka vya chlorine ku musi w’Imana mu buraruko bushira uburengero bwa Siriya.

Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji avuga ko ico gitero ari kimwe mu biriko birakorwa na reta ya Siriya mu kurenga ku masezerano yo guhagarika intambara no gukingira amamiliyoni y’abasivile mu ntaya ya Idlib, aho ibitaro, amashure, amazu hamwe n’amakambi y’impunzi bisamburwa.

Reta ya Siriya ntaco irashikiriza kur’ivyo yagirizwa na Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG