Uko wahagera

Malawi Baritabira Amatora kuri uyu wa Kabiri


Icegera ca perezida muri Malawi, Saulos Chilima mu myiyamamazo i Blantyre, Malawi. Ni umwe muri batatu bahiganwa.
Icegera ca perezida muri Malawi, Saulos Chilima mu myiyamamazo i Blantyre, Malawi. Ni umwe muri batatu bahiganwa.

Igihugu ca Malawi kuri uyu wa kabiri kiratunganya amatora y’umukuru w’igihugu, abashingamateka hamwe n’abakuru b’imitumba.

Mu gihe imigambwe ya politike yiteguye, icegera c’umukuru w’igihugu, Saulos Chilima, ahanganye na perezida Peter Mutharika, yongeye gushikiriza amakenga ko amajwi ashobora kwibwa.

Chilima yashikirije ku musi w’Imana ko afise amakuru yuko reta ya Malawi yahaye akazi umunyazimbabwe yahoze akora mu gisata co gucungera umutekano kugira ayovye amatora.

Reta ya Malawi irahakana ivyo birego, nayo komisiyo y’igihugu ijejwe gutunganya amatora ivuga ko ata vyemeza vy’ivyo vyagiriji ifise.

Perezida Peter Mutharika, ariko arondera kwitoreza ikiringo ca kabiri c’imyaka itanu.

Abanyagihugu bashika ku miliyoni indwi nibo bitezwe gutora kuri uyu wa kabiri. Ibiyavamwo bitegekanijwe gutangazwa kw’itariki 29.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG