Uko wahagera

USA: Missouri Yahambije Abandi mu Kubuza Gukorora Imbanyi


Buramatari wa reta ya Missouri Mike Parson agira atange ikiganiro ku bamenyeshamakuru i Jefferson City, Missouri, itariki 14/05/2019.
Buramatari wa reta ya Missouri Mike Parson agira atange ikiganiro ku bamenyeshamakuru i Jefferson City, Missouri, itariki 14/05/2019.

Sena ya reta ya Missouri muri Reta zunze ubumwe z’Amerika yemeje itegeko ribuza gukorora imbanyi. Ivyo bigiye guha inguvu mu gihugu abadashigikiye ko itegeko ryo mu 1973 ririho ubu ryemerera abavyipfuza gukorora inda.

Iryo tegeko ryemejwe ejo kuwa kane ribuza gukorora imbanyi imaze gushikana indwi umunani. Ariko ntirikora kubafise ibibazo vy’amagara, ariko rishira mu murwi umwe n’abasamye inda bafashwe ku nguvu.

Inama nshingamateka ya reta ya Missouri itwarwa n’abo mu mugambwe w’Abarepublikani izobanza kuryemeza imbere yuko riterwako umukono na buramatari w’iyo reta Mike Parson rikazoca ritangura kuja mu ngiro.

Iri tegeko ryemejwe na sena ya Missouri inyuma y’amasaha buramatari w’umurepublikani wa reta ya Alabama, Kay Ivey ateye umukono kw’itegeko nk’iryo ribuza gukorora imbanyi mur’iyo reta.

Ishirahamwe ryo muri Amerika riharanira gukorora imbanyi kubavyipfuza ryashikirije kuwa gatatu ko rigiye gutangura urugamba mu butungane, ku burenganzira bw’urunganwe rwo muri kazoza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG