Igihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika carahagaritse indege zose z’urudandazwa hagati y’Amerika na Venezuela.
Umushikiranganji w’Amerika ajejwe kwunguruza abantu n’ibintu, Elaine Chao avuga ko Venezuela ari intambamyi ku mutekano w’ingenzi, indege hamwe n’abakozi bazo.
Indege nyinshi mpuzamakungu, harimwo izo muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, ziza zaramaze guhagarika ingendo zo kuja no kuva muri Venezuela kubw’ibibazo vya poritike biharangwa.
Umukuru w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi kandi yitangaje ko ariwe perezida Juan Guaido arongoye imyiyerekano isaba perezida Nicolas Maduro, kuva ku butegetsi avuga ko yatsinze amatora biciye mu busuma.
Facebook Forum