Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka kazina muntu, Amnesty International rivuga ko ryibaza ko reta ya Maduro yakoze ivyaha bihohotera ikiremwa muntu muri Venezuela kandi rishaka ko sentare mpuzamakungu mpanavyaha ibitohozako.
Amnesty ivuga ko habaye ugukorera hamwe hagati y’inzego zijejwe umutekano muri Venezuela kugira bice uwo wese akekwa kuba atavuga rumwe na perezida Nicolas Maduro, cane cane mu duce tw’igihugu tubamwo abakene.
Amnesty ivuga ko abategetsi bo ku rwego rwo hejuru, barimwo Nicolas Maduro, boba bari bazi ivyo vyabaye kandi ko ata ngingo bafashe zo kubihagarika.
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, igisata caryo c’agateka ka muntu gisabwa na Amnesty gushiraho umurwi w’abatohoza kur’ivyo birego, mu nama yabo yo mu kwezi kuza kandi sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i Lahaye mu Buholande igatangura gutohoza kuri reta ya Maduro.
Facebook Forum