Uko wahagera

Umukuru w’igisagara ca Durban Yagirizwa Ruswa


Ikivuko ca Durban cuzuyemwo imicafu.
Ikivuko ca Durban cuzuyemwo imicafu.

Umukuru w’igisagara ca Durban kiza ubwa gatatu mu bunini mu gihugu ca Afrika y’epfo, Zandile Gumede, akongera akaba n’umunywanyi akomeye w’umugambwe uri ku butegetsi, ANC yahagaritswe uno musi ku wa kabiri yagirizwa ruswa. Ni amwe mu marorerwa ageramiye umugambwe ANC.

Zandile Gumede, afise imyaka 58, muri iki gihe amaze imyaka itatu ayoboye igisagara ca Durban, yagirizwa kunyuruza amafranga y’igihugu n’ugukoresha amafranga aronswe mu buryo budaciye mu mategeko. Umuvugizi w’igisagara ca Durban kiri mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Afrika y’epfo, Msawakhe Mayisela avuga ko ico gisagara kizokorana n’ubutungane.

Ihagarikwa rya Zandile Gumede ribaye inyuma y’amatohoza yagizwe n’umurwi w’igipolisi kidasanzwe witwa, “Hawks” kuvyerekeye ruswa n’ugukoresha amafranga aronswe mu buryo bidaciye mu mategeko.

Inyuma yuko aserutse muri sentare uno musi ku wa kabiri, Gumede yarekuwe atanze ingwati y’ibihumbi 50 vy’ama rand. We n’abandi bantu 11 bagirizwa ivyaha nk’ivyiwe bazosubira kwitaba sentare kw’italiki 8 y’ukwezi kw’umunani.

Ayo ni amwe mu marorerwa ya ruswa abategetsi b’umugambwe uri ku butegetsi muri Afrika y’epfo, ANC bafisemwo uruhara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG