Uko wahagera

Boba Bumvikanye ku Gusangira Ubutegetsi muri Sudani


Jenerali Mohamed Hamdan Dagalo, icegera c'uwurongoye akanama ka gisirikare karongoye igihugu ivy'imfatakibanza, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Khartoum, muri Sudani, Itariki 30/04/2019.

Abakuru b’abakora imyiyerekano muri Sudani bavuze ejo kuwa mbere ko bashitse ku mvumvikano hamwe n’abasirikare bafashe ubutegetsi ku nzego n’abategetsi bazoba bararongoye igihugu mu kiringo c’imfatakibanza.

Iyi nkuru yatangajwe heheze umwanya muto umushikirizamanza mukuru wa Sudani avuze ko Omar al-Bashir aheruka gukurwa ku butegetsi yagirwa n’ivyaha vyo kwica abari mu myiyerekano yiyamiriza ubutegetsi yaruhiye kumukura ku butegetsi mu kwezi guheze.

Umuvugizi w’abari mu myiyerekano, Taha Osman yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP ko bumvikanye ku nzego hamwe n’amabanga abategetsi bazoba bajejwe.

Osman yavuze ko iyindi nama ishobora kuba kuri uyu wa kabiri yo kuganira ku kiringo c’imfatakibanza ingene kizoba kingana hamwe n’amazina y’abazoba bari mur’iyo reta.

Akanama ka gisirikare karongoye igihugu nako nyene kemeje ko ayo makuru ko hari amasezerano yabaye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG