Uko wahagera

Umwenegihugu wa Turukiya Yishwe n'Igisasu i Mogadishu


Umusirikare wa Turukiya ari aho bombe yaturikije imodokari i Mogadishu, Somaliya, itariki 28/03/2018.
Umusirikare wa Turukiya ari aho bombe yaturikije imodokari i Mogadishu, Somaliya, itariki 28/03/2018.

Ambasade ya Turukiya i Mogadishu ishikiriza ko umwenegihugu w’ico gihugu yishwe ku musi w’Imana ahitanwe n’igisasu catezwe mw’ibarabara rigenderwamwo n’abantu benshi.

Ambasade yabwiye Radiyo Ijwi ry’Amerika ko uwapfuye yari umu injeniyeri akorera kompanyi ya Turukiya.

Ababibonye igihe vyaba babwiye Ijwi ry’Amerika ko igisasu giturika cari catezwe mu modokari uwo yapfuye yariko aragenderanmwo. Bikekwa ko ico gisasu cari catezwe mur’iyi modokari.

Umuhari w’iterabwoba wa Al-Shabab wemeje ko ariwo wakoze ico gitero, uvuga ko uwo mu Injeniyeri yakorera Kompanyi ya Turukiya itanga imyimenyerezo ya gisirikare i Mogadishu.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG