Uko wahagera

Manchester City Yatsinze Shampiyona y'Ubwongereza


Abakinyi ba Menchester Cisty bariko barahimbaza intsinzi yabo ya shampiyona y'Ubwongereza y'uyu mwaka w'i 2019

Umurwi w’umupira w’amaguru Manchester City wo mu gihugu c’Ubwongereza watsindiye igikombe ca Shampiyona yo ku rwego rwa diviziyo ya mbere y’Ubwongereza c’uyu mwaka w’i 2019 ubugira kabiri wikwirikiranya.

Uwo murwi wari wastindiye ico gikombe kandi mu mwaka uheze.

Mu nkino za nyuma zabaye ku musi w’Imana Manchester City yatsinze Brighton ibitsindo bine kuri kimwe, Arsenal yatsinze Burnley ibitsindo bitatu kuri kimwe, Liverpool yatsinze Wolves ibitsindo bibiri ku busa, Tottenham Hotspur na Everton vyarangije urukino bifise ibitsindo bibiri kuri bibiri, West Ham yatsinze Watford ibitsindo bine kuri kimwe, Southampton na Huddersfield vyaranganije urukino bifise igitsindo ku kindi.

Cardiff yatsinze Manchester United ibitsindo bibiri ku busa, Chelsea na Liecester vyarangije urukino bifise ubusa ku bundi, Newcastle United yatsinze Fulham ibitsindo bine ku busa mu gihe Crystal Palace yatsinze Bournemouth ibitsindo bitanu kuri bitatu.

Umurwi watsindiye igikombe ca shampiyona y’Ubwongereza ukaba wamenyekanye ku musi wa nyuma w’iyo shampiyona. Ivyo n’ukubera umurwi Liverpool wahiganywe bikomeye na Manchester City gushika ku musi wa nyuma. Liverpool yarangije saison iri inyuma ya Manchester City inuta rimwe gusa.

Imirwi yabaye ine ya mbere muri shampiyona y’Ubwongereza ni Manchester City, Liverpool, Chelsea na Tottenham.

Niyo mirwi izoserukira Ubwongereza mw’ihiganwa ry’igikombe c’imirwi yabaye iya mbere mu karere k’i Bulaya mu mwaka uza.

Yamara niyo umurwi Arsenal watsinda igikombe ca Europa League uzokwiyongera kuri iyo mirwi ine isanzwe izohiganwa mu gikombe c’imirwi yabaye iya mbere mu karere k’i Bulaya mu mwaka uza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG