Uko wahagera

Amerika n'Abatalibani Ntibarashika ku Masezerano


Abatalibani na Reta zunze ubumwe z’Amerika bararangije indwi y’ibiganiro barimwo muri Qatar ariko bavuga ko ata ntambwe ziboneka zatewe zigana ku twigoro tw’amahoro muri Afghanistani.

Ivyo biganiro vyari bishimikiye ku bibazo bibiri: Gukura abasirikare b’Amerika mur’ico gihugu, urundi ruhande rukemera ko rutazongera guha iterabwoba gukoresha ubutaka bwa Afuganistani mu gutera ibindi bihugu, nkuko vyashikirijwe n’umuvugizi w’Abatalibani.

Suhail Shaheen yavuze ko iki gice ca gatandatu c’ibiganiro cabaye ngirakamaro, avuga ko intambwe zatewe zashikanye ku masezerano y’ibanze impande zibiri zumvikanyeko mu nama iheruka mu kwezi kwa gatatu.

Intumwa idasanzwe y’Amerika mur’ivyo biganiro, Zalmay Khalilzad yavuze ejo kuwa kane ko amasezerano yanyuma n’abatalibani azoshika ku guhagarika intambara kandi yemerere abatalibani kuja mu biganiro hagati mu gihugu kugira intambara ihagarare burundu.

Ariko Abatalibani bipfuze ko Amerika yemera ikongera igatangaza umugambi wo gukura abasirikare muri Afuganistani imbere yuko ibiganiro ku bindi bibazo bizozana amahoro arama mur’ico gihugu.




Facebook Forum

XS
SM
MD
LG