Uko wahagera

Reta ya Kameruni Iriteguye Kuganira n'Abashaka kwiyonkora


Cameroon Prime Minister Joseph Dion Ngute speaks in Yaounde, Cameroon, May 7, 2019.
Cameroon Prime Minister Joseph Dion Ngute speaks in Yaounde, Cameroon, May 7, 2019.

Umushikiranganji wa mbere wa Kameruni, Joseph Dion Ngute ejo kuwa kane yarashitse i Bamenda, ku murwa mukuru w’intara yo mu buraruko bushira uburengero ivugwamwo icongereza, atwaye ubutumwa ko reta yiteguye kuganira kugira haboneke inyishu y’intambara mur’iyo ntara n’abiyonkoye, ariko avuga ko ukwikukira kw’iyo ntara bitari ku meza y’ibiganiro.

Umushikiranganji Dion Ngute yagize ati "Kiretse ko igihugu ca Kameruni kidashobora gucirwamwo ibice, perezida wa republika ariteguye gutunganya ibiganiro vyo gutorera inyishu icuka kibi ca politike”.

Kuva mu mwaka wa 2017, imirwano hagati y’abasirikare ba reta hamwe n’intara zivuga icongereza bashaka kwiyonkora no kwikukira yahitanye ubuzima bw’abaharurwa mu majana, abandi bashika 500,000 bakurwa mu ngo zabo.

Uru rugendo rw’umushikiranganji wa mbere wa Kameruni mur’iyo ntara rubaye mu gihe inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano itegekanya umubonano muri uku kwezi ku ntambara hagati ya reta n’abashaka kuyiyonkorako mur’ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG