Uko wahagera

Venezuela: Icegera c'Umukuru w'Inama Nshingamateka Yahagaritswe


Icegera c'umukuru w'Inama Nshingamateka muri Venezuela Edgar Zambrano i Caracas.
Icegera c'umukuru w'Inama Nshingamateka muri Venezuela Edgar Zambrano i Caracas.

Abajejwe iperereza muri Venezuela ejo kuwa gatatu barafashe icegera c’umukuru w’inama nshingamateka yiganziwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, igikorwa ciyamirijwe n’umukuru wayo Juan Guaido.

Edgar Zambrano, icegera ca Guaido, yafatiwe ku murwa mukuru Caracas, bamwagiriza kuba yarifatanije n’abagerageje imigumuko yo gutembagaza ubutegetsi yo mu kwezi kwa kane itariki 30 yari yateguwe na Guaido.

Juan Guaido akoresheje urubuga rwa twitter yaciye agira ati: "Turamenyesheje abanyagihugu ba Venezuela hamwe n’amakungu ko ubutegetsi bwanyuruje icegera c’umukuru w’inama nshingamateka.

Hambavu y’ivyo, Sentare nkuru y’igihugu ya Venezuela yaragirije abashingamateka batatu icaha co gushigikira Guaido, bagirizwa guhemukira igihugu.

Babaye abashingamateka 10 bamaze guhanwa n’amategeko bagirizwa gushigikira Guaido.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG