Umunyeshure umwe yarishwe arashwe abandi 8 barakomereka ejo kuwa kabiri kw’ishure muri reta ya Colorado muri Reta zunze ubumwe za Amerika.
Sheriff Tony Spurlock yashikirije ko ata mukozi canke umwigisha azwi ko yakomeretse kandi ko uwapfuye yar’afise imyaka 18. Umunyeshure muto yakomeretse afise imyaka 15.
Abakekwa gukora ubwo bwicanyi bafashwe, barimwo umugabo hamwe n’umusore w’umuyabaga. Bose uko ari babiri barize kur’iryo shure.
Iryo shure ryabayemwo ubwo bwicanyi ryitwa STEM School Highlands Ranch.
Facebook Forum