Uko wahagera

Namibiya Cashizwe mu Bihe vy'Ubugaragwa Burenze


Ibikoko bipfa bihitanwe n'uruzuba muri namibiya
Ibikoko bipfa bihitanwe n'uruzuba muri namibiya

Igihugu ca Namibiya ejo kuwa kabiri catangaje ko igihugu kiri mu bihe bidasanzwe vy’ubugararwa vyatewe n’ugukena kw’imvura kwatumye imirima yuma, ibiterwa bihera mu kuzimu.

Umushikiranganji wa mbere, Saara Kuugongelwa-Amadhila yasohoye iryo tangazo inyuma y’umusi umwe ico gihugu co mu bumanuko bwa Afrika giteye akamo amakungu ngo agifashe.

Kuugongelwa-Amadhila yabwiye inama nshingamateka ko ubuzima bw’abanyenamibiya benshi, cane cane abaziga kubeshwaho n’uburimyi bubangamiwe.

Namibia, igihugu c’imiliyoni 2.4 z’abanyagihugu, kuva mu 2015 cama mu bibazo vy’ubugararwa.

Mu kwezi kwa kane, ubushikiranganji bw’uburimyi bwatangaje ko ibitungwa 63,700 vyapfuye hagati y’ukwezi kw’icumi mu 2018 n’ukwa gatatu mu 2019 kubw’ibihe vy’uruzuba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG