Uko wahagera

Afrika y'Epfo Baritabira Amatora kuwa Gatatu


Abanywanyi b'umugambwe ANC ku musi wa nyuma w'imyiyamamazo i Johannesburg, Afrika y'epfo, itariki 05/05/2019.
Abanywanyi b'umugambwe ANC ku musi wa nyuma w'imyiyamamazo i Johannesburg, Afrika y'epfo, itariki 05/05/2019.

Imigambwe itatu ikomeye muri Afrika y’epfo yarangije ibikorwa vyo kwiyamamariza amatora ategekanijwe kur’uyu wa gatatu, aho abayirongoye bagiye kugabura amajwi mu miliyoni 26.7 z’abanyagihugu batavuga rumwe.

Umugambwe uri ku butegetsi ANC, umugambwe Alliance Democratique hamwe na Combatants pour la Liberte Economique barangije imyiyamamazo mu mpera z’indwi iheze i Johannesburg, ku murwa mukuru w’ubutunzi.

Umugambwe ANC uza imbere y’iyindi mu migambwe 48 iharanira ubutegetsi uyu mwaka. Uri ku butegetsi kuva mu 1994, kandi reta yawo yarezwemwo ivyaha vyo kurya ibiturire birenze. Umukuru wa ANC, Perezida Cyril Ramaphosa, yaravyemejwe ku musi wa nyuma w’imyiyamamazo.

Umugambwe uza imbere mu yitavuga rumwe n’ubutegetsi Alliance Democratique, urongowe na Mmusi Maimane usaba abanyagihugu gutora baravye ico bamariwe.





Facebook Forum

XS
SM
MD
LG