Uko wahagera

Isirayeli Yemeza ko Igiye Kwihora Bikomeye Hamas


Misile ya isirayeli iguye mu ntara ya Gaza, itariki 05/05/2019.

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu yategetse igisirikare ciwe kubandanya ibitero vy’indege ku muhari Hamas mu ntara ya Gaza, mu ntambara ku rubibe bahana imaze imyaka itanu.

Ukwihorana hakoreshejwe ibisasu vya roketi hamwe n’indege vyahitanye abanyepalestina bashika 20 kuva ku musi wa gatanu, barimwo umwana w’amezi 14, abanyepalestina bavuga ko yishwe n’indege za Isirayeli. Isirayeli ibeshuza ivuga ko yishwe na roketi ya Pelestina.

Abanyesirayeli bane nabo barishwe mur’ivyo bitero.

Benjamin Netanyahu yategetse ko hakoreshwa izindi nguvu za gisirikare ku rubibe na Gaza mu kwitegurira ibitero bishobora gukorwa ku butaka.

Izi ntambara zadutse inyuma y’aho umunyepalestina arasiye agakomeretsa abasirikare babiri ba Isirayeli ku musi wa gatanu.

Abanyepalestina bagiriza Isirayeli kudashira mu ngiro ivyumvikanyweko mu masezerano yapfundikiwe muri Misiri, yo gutanga agahenzwe i Gaza, urundi ruhande rukemera guhagarika ibitero vya roketi muri Isirayeli.

Uku gutana mu mitwe kwadutse mu gihe Abayisilamu bagiye kwinjira mu kwezi kweranda kwa Ramadan, mu gihe kandi Isirayeli citegurira guhimbaza umusi mukuru wo kwikukira mu mpera z’iyi ndwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG