Uko wahagera

Perezida Buhari Yoba Yasubiye i Londres Kwisuzumisha Amagara?


Perezida Muhammadu Buhari, hagati, mu bihe vyo kwiyamamariza amatora y'umukuru w'igihugu i Abuja, Nijeriya, itariki 18/02/2019.
Perezida Muhammadu Buhari, hagati, mu bihe vyo kwiyamamariza amatora y'umukuru w'igihugu i Abuja, Nijeriya, itariki 18/02/2019.

Perezida Muhammadu Buhari yatahutse muri Nijeriya ejo kuw’Imana inyuma y’imisi 10 yar’amaze mu rugendo mu Bwongereza. Ivyo vyashikirijwe n’ibiro vyiwe mu gihe mu gihugu hanugwanugwa ko amagara yiwe yoba atifashe neza.

Buhari w’imyaka 76, yarigeze kumara igihe kirekire i Londres kwisuzumisha, ntiyavuze ko n’uru rugendo rwari rufitaniye isano n’urwa mbere.

Umuvugizi wiwe, Femi Adesina yavuze ko uru rugendo rutari rwerekeye ibikorwa vya reta. Gushika ubu, perezida Buhari ntarigera ashikiriza ibijanye n’amagara yiwe, kiretse kuvuga ko atigeze akikwa n’amagara, ariko ko yongerejwe amaraso.

Ikibazo c’amagara yiwe cabaye kimwe abo bahiganwa mu matora y’umukuru w’igihugu bashimikiyeko mu kuvuga ko adakwiye gutwara ibihugu, ariko yaratsinze ayo matora kandi kw’itariki 29 z’ukwezi kwa gatanu niho azorahira guktwara ikiringo ca kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG