Uko wahagera

Mu Buhindi Batewe Ubwoba n'Igihuhusi Kivanze n'Imvura Fani


Abarovyi bahungisha ubwato mu karere ka Puri mu buseruko bw'Ubuhindi muri reta ya Odisha, kw'itariki 02/05/2019.
Abarovyi bahungisha ubwato mu karere ka Puri mu buseruko bw'Ubuhindi muri reta ya Odisha, kw'itariki 02/05/2019.

Abantu barenga imiliyoni 100 bari mu nzira y’imvura ivanze n’igihuhusi cataziriwe Fani kiriko cerekeza mu buseruko bwa reta ya Odisha mu Buhindi.

Abategetsi b’Ubuhindi baramaze guhungisha abantu barenga umuliyoni umwe n’ibihumbi amajana abiri babakura ku nkengera z’ibahari imbere yuko iyo mvura irwa kur’uyu wa gatanu mu gatondo.

Abategetsi bariko basaba bamukerarugendo kuva ku nkengera z’igisagara Puri, mu gihe ibivuko bibiri Paradip na Visakhapatnam, vyasabwe gukura ubwato mu mazi kugira ntibwononekare. Indege zabujijwe kugwa no kuguruka mur’ako karere mu masaha ico gihuhusu citezwemwo, nkuko vyashikirijwe n’umushikiranganji w’Ubuhindi ajejwe ivy’indege z’urudandazwa.

Ubuseruko bw’Ubuhindi ni igice kibangamirwa n’ibiza, aho mu 1999, igihuhusi nk’ico caciye mur’iyo reta ya Odisha cica abantu barenga 10,000. Mu myaka ine inyuma y’aho, ikindi carahaciye ariko nta vyinshi cononye.

Igihuhusi kivanze n’imvura nyinshi Fani kibaye ica mbere mu Buhindi mur’uyu mwaka wa 2019.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG