Uko wahagera

Sudani: Abasivile Barahitamwo Abazobaserukira muri Reta


umushikiranganji wa mbere Abiy hamwe n'akanama ka gisirikare karongoye igihugu ivy'imfatakibanza muri Sudani
umushikiranganji wa mbere Abiy hamwe n'akanama ka gisirikare karongoye igihugu ivy'imfatakibanza muri Sudani

Abatavugarumwe n’ubutegetsi muri Sudani bari mu mibonano yo kurondera kugena intumwa zabo zizobaserukira mu kanama k’abasivile n’abasirikare vyitezwe ko kagiye kuzorongora igihugu mu myaka ibiri yimirije.

Ni inyuma y’aho indongozi z’abasirikare bakuye perezida Omar al-Bashir ku butegetsi mu ntango z’uku kwezi bemereye kuzosangira ubutegetsi n’abasivile mu kiringo c’imfatakibanza.

N’aho bisa n’uko ibintu biriko bija mu buryo, abari mu myiyerekano bo baracabandanya gusasagaza kw’irembo ry’ibiro bikuru vya gisirikare, bavuga ko bazohava ar’uko ubutegetsi bwegukiye abasivile.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG