Abategetsi muri Mozambique basavye abanyagihugu babo kuja mu bice bikirurutse cane kugira ntibahure n’imyuzure y’amazi hamwe n’amasi asitagurika vyitezwe inyuma y’igihuhusi kivanze n’umuyaga mwinshi cataziriwe Kenneth.
Umushikiranganji wa mbere wa Mozambike, Carlos Do Rosario yavuze ko ibitigiri vy’abapfuye biri kuri batanu.
Ikigo ca Mozambike kijejwe guhangana n’ibiza cashikirije ko ico gihuhusi Kenneth casambuye amazu arenga 3,000 abantu barenga 18,000 barateshwa ingo zabo.
Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres yasavye amakungu gutanga imfashanyo zo gufasha abakozweko n’ico gihuhusi kivanze n’imvura.
Kenneth kibaye ica kabiri giciye mur’ako karere ko mu bumanuko bwa Afrika mu kiringo c’indwi zitandatu.
Facebook Forum