Uko wahagera

Sudani: Abasivile Bemerewe Kuja mu Kanama Karongoye Igihugu


Rashid al-Sayed (ibubamfu) na Amjad Farid (iburyo), bavugira umuhari w'abiyamamaza, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku murwa mukuru Khartoum, itariki 27/04/ 2019.
Rashid al-Sayed (ibubamfu) na Amjad Farid (iburyo), bavugira umuhari w'abiyamamaza, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku murwa mukuru Khartoum, itariki 27/04/ 2019.

Abakora imyiyerekano muri Sudani ejo kuw’Imana barakiriye neza ivyavuye mu biganiro bagiranye n’abasirikare bafashe ubutegetsi, inyuma yuko bemeye gushinga akanama kaba kararongoye igihugu kagizwe n’abasivile hamwe n’abasirikare, inzira ishobora gushika ku kwegurira ubutegetsi abasivile nkuko bariko barabisaba mu myiyerekano.

Ayo masezerano yapfunditswe ku musi wa gatandatu ashobora gusubiriza inama y’igihugu irimwo abasirikare 10 yashizweho inyuma y’aho perezida Omar al-Bashir akuriwe ku butegetsi kw’itariki 11 z’ukwezi kwa kane.

Umukuru w’abari mu myiyerekano Ahmed al-Rabia yaremeje ayo masezerano y’inama iba irarongoye igihugu ihurikiyemwo n’abasivile abicishije mw’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP.

Abasaba ko haba impinduka bavuga ko iyo nama y’igihugu ishobora kuzoba igizwe n’abantu 15, barimwo abasivile 8 hamwe n’abasirikare b’amapete ya jenerali indwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG