Uko wahagera

Amerika Ishobora Gusaba Amafranga y'Ingwati Abifuza Viza


Prezida wa Reta Zunze Ubwumwe za Amerika, Donald Trump, ategekanya gufata ingingo ruhasha ku baza muri Amerika bafise visa zibasaba gusubira mu bihugu vyabo ariko ntibabikore.

Amakuru dukesha abamenyeshamakuru bakorera mu biro vya Prezida Trump, White House, avuga ko Trump aza yarategetse ibiro bijejwe umutekano w’igihugu kuraba ingene impusha z’abaza muri Amerika atari abimukira bari buhagume zitorenza amezi atatu.

Ubundi bivanye n’igihugu kanaka visa ya Amerika ishobora kumara umwaka umwe. Imwe mu mikenyero yoba izofatwa harimwo yuko uwuhawe Visa ya Amerika atanga amafaranga y’ingwati nk’icemezo co kugaruka mu gihugu akomokamwo, amafarnag akazoyasubizwa atahutse.

Mu gihe bitegekanijwe ko imikenyuro ruhasha izofatwa na cane cane mu bihugu bivugwamwo ibitigiri binini vy’abarosne visa bari butahe ariko ntibabikore. Uwo mugambi wa Trump ukaramuka ugiye mu ngiro biciye mu mategeko uzokora ahanini ku banyafurika.

Ibihugu vy’Afrika, birimo Djibouti, Eritreya, Cadi, Liberiya na Somaliya ni vyo biza imbere. Ubutegetsi bwa Prezida Trump ntibwasubije Ijwi ry’Amerika ryari ryifuje kumenya impamvu y’uwo mugambi uteganijwe. Ariko, abanyamategeko mu gisata c’abimukira basigura ko Reta ya Trump ishobora kuzokwitwarirwa yagirizwa ivangura rifatiye ku ruhu.

Mu 2018 Amerika yatanze za viza z’ingenzi, iz’abanyeshure, n’abaza gukora umwanya muto arenga imiriyoni icenda. Ibice bibiri vy’abazironse ni bo bagumye muri Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG