Uko wahagera

Igihuhusi Kenneth Cahitanye Umuntu Umwe muri Mozambique


Igihuhusi Kenneth muri Mozambique
Igihuhusi Kenneth muri Mozambique

Igihuhusi cataziriwe Kenneth cateye Mozambique kuva ejo kuwa kane kimaze guhitana umuntu umwe gisenyura amazu atari make.

Akarere kamaze kumenyekana ko kasinzikaye gusumba ni izinga ryitwa Ibo, aho 90% vy’amazu y'abantu barituyemo bagera ku 6000 yabomotse.

Abakurikiranira hagufi ivy’ibirere muri Mozambique bemeza ko umuvuduko igihuhusi Kenneth catanguranye wagabanutse cane. Naho biri uko vyitezwe ko hahava harwa imvura nyinshi ishobora gutera imyuzurire mu turere twegereye imipaka Mozambique ihana na Tanzaniya: Amashure atari make muri Tanzaniya vyabaye ngombwa ko yugarwa, abanyagihugu baba ahashobora guterwa n’ico gihuhusi na bo bahunga imihana yabo.

Igihuhusi Kenneth gitandukiriye Mozambique na Tanzaniya kivuye mu mazinga ya Comores aho cahitanye abantu batatu.

Ikigo c’igihugu kijejwe ivy’ibirere muri Mozambique gisigura ko ico gihuhusi kigeze ku muvuduko w’ibirometero 70 ku isaha catanguye gifise umuvuduko w’ibirometero 160 ku isaha. Naho ku bw’ico kigo igihuhusi Kenneth kidakaze bagereranije n’icari ciswe Idai gihitiye muri ico gihugu gishobora kwonona ibitari bike.

Idai yahitanye abantu barenga igihumbi muri Mozambique na Zimbabwe, abatari bake bakaba batarashobora gufashwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG