Uko wahagera

USA: Joe Biden Yatangaje Kandidatire mu matora mu 2020


Joe Biden yahoze ari icegera ca perezida muri muri Reta zunze ubumwe z'Amerika.
Joe Biden yahoze ari icegera ca perezida muri muri Reta zunze ubumwe z'Amerika.

Joe Biden yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu muri Reta zunze ubumwe za Amerika ejo kuwa kane yatangaje ko azohiganwa mu mugambwe w’abademokrate kugira arabe ko yotorwa kuba kandida mu matora y’umukuru w’igihugu muri 2020. Yiyongereye ku gitigiri c’abandi bademokrate batari bake bipfuza kuzohiganwa na perezida w’umurepublikani Donald Trump.

Iyo nararibonye yo muri reta ya Delaware yigeze kuba senateri n’icegera c’umukuru w’igihugu kuri reta ya Obama mu biringo bibiri. Ni inzobere muvy’imigenderanire, ubutungane hamwe na poritike yo mu gihugu avugwa ko atawe bagereranywa mu bandi bakandida barondera ikibanza c’umukuru w’igihugu.

Biden, yavukiye mu gisagara ca Scranton, muri reta ya Pennsylvania mu nyuma yimukira muri reta ya Delaware, yamaze ubuzima bwiwe nka bwose muri poritike.

Biden yarigeze guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu incuro zibiri, arondera kugenwa n’umugambwe wiwe incuro zibiri mu 1988 na 2008, ariko ntiyashoboye kuronka amajwi akwiye.




Facebook Forum

XS
SM
MD
LG