Uko wahagera

Intambara Zimaze Guhitana Abarenga 260 muri Libiya


Abo ni abakora imyiyerekano biyamiriza imirwano yafi hafi kugera i Tripoli.
Abo ni abakora imyiyerekano biyamiriza imirwano yafi hafi kugera i Tripoli.

Ishami rya ONU ryitaho amagara y’abantu, OMS, ritangaza ko intambara zimaze indwi zitatu muri Libiya zimaze guhitana abagera ku 264 zikomeretsa 1266.

Intandaro y’iyo mirwano ni reta zidacana uwaka ziriko zirwanira kugenzura umurwa mukuru Tripoli: iy’umushikiranganji wa mbere yemewe n’amakungu Fayez al-Serraj iri Tripoli, hamwe n’iya Jenerali Khalifa Haftar iri mu buseruko.

OMS yavuze ko n'aho abanyagihugu benshi bakomeje guhungira iyo mirwano mu mavuriro atari make, ico gisata ca ONU gihangayikishijwe n’abanyororo bari mu busho bwegereye ahabera intambara bataronka uko bahunga.

ONU isaba impande zishamiranye gutezurira abanyagihugu ikongera ikavuga ko ku ma miriyoni agera kuri cumi mu madolari y’Abanyamerika iryo shirahamwe rikeneye kugira rishobore kugarukira ku banyagihugu rimaze kuronka ibice 6 kw’ijana yayo gusa.

Hagati aho, Prezida wa Misiri Abdel-Fattah el-Sissi amaze kugirana inama yihutirwa na bamwe mu ba diplomate bo mu muryango w’ubumwe bwa Afurika barimwo aba Congo, u Rwanda na Afurika y’Epfo kuri ico kibazo.

Prezida Sissi asanzwe ari nawe arongoye umuryango w'ubumwe bw'Afurika yababwiye ko amakungu abwirizwa kwuzuza inshingano zayo mu kugarukana ituze muri Libiya no guhatira impande zishamiranye ku ntebe y’ibiganiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG