Uko wahagera

ISIS Uriyitirira Ibitero muri Sri Lanka


Urusengero St. Sebastian rwakozwemwo iterabwoba i Negombo, mu buraruko bwa Colombo, muri Sri Lanka.
Urusengero St. Sebastian rwakozwemwo iterabwoba i Negombo, mu buraruko bwa Colombo, muri Sri Lanka.

Umushikiranganji wa mbere wa Sri Lankan Ranil Wickremesinghe yashikirije ko ibitero vya bombe vy’abiyahuze vyakozwe ku musi wa mungu wa Pasika bishobora kuba vyakozwe n’abashamikiye ku muhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu, uza wamaze kwemanga ko uri inyuma yavyo.

Uwundi mutegetsi yashikirije ko ivyo bitero kwabaye ukwihora ibitero vy’iterabwoba vyabaye mu misigiti muri Nouvelle Zelande mu kwezi guheze. Ejo kuwa kabiri, igihugu ca Sri Lanka cari mu munsi wa kugandara mu gihe ibitigiri vy’abapfuye vyiyongereye gushika ku 321.

Ivyo bisasu vyaturitse mu mahoteli ane n’amasengero atatu, vyari bitumbereye ba mukerarugendo hamwe n’abakristu bariko barasenga.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ejo kuwa kabiri, umushikiranganji wa mbere wa Sri Lanka yavuze ko bagiye gukurikirana amatohoza ku vyashikirijwe n’umuhari wa reta ya kiyisilamu, yemeza ko nkuko uwo muhari wigamvye bishoboka ko ur’inyuma y’ivyo bitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG