Uko wahagera

Umutegetsi muri Al Shabab Yishikanye ku Butegetsi bwa Somaliya


Abarwanyi ba al Shabab muri Somaliya mu bikorwa vyo kugenzura mu micungararo ya Mogadishu.
Abarwanyi ba al Shabab muri Somaliya mu bikorwa vyo kugenzura mu micungararo ya Mogadishu.

Abategetsi ba Somaliya bavuga ko umutegetsi wo ku rwego rwo hejuru wa al-Shabab yiyonkoye kur’uwo muhari w’iterabwoba mu nyuma yishikiriza reta ya Somaliya mu bumanuko bushira uburengero bw’intara ya Gedo.

Abategetsi bavuga ko Aden Abdi Mohamed atazirwa kandi "Aden Obe" yishikanye kur’uyu wa kabiri hafi y’igisagara ca Bardhere. Aden Obe yishikanye hamwe n’uwundi mutegetsi wa al-Shabab azwi kw’izina rya Food Aden Mohamoud yar’ashinzwe ibikorwa vyo gutoza amakori mur’uyo muhari.

Obe yar’ashinzwe amabanga atandukanye muri al shabab, ariko yishikanye yari umukuru ashinzwe ibisohoka n’ivyinjira mur’uyo muhari mu ntara ya Lower Jubba, nkuko bishikirizwa n’abategetsi ba Somaliya.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG