Uko wahagera

Misiri Yemeye ko Perezida Ashobora Gutwara Gushika mu 2030


Egypt begins vote
Egypt begins vote

AbanyaMisiri bashika 90 kw’ijana batoye baremeje ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro, ibishobora kwongereza ibiringo vya perezida Abdel-Fattah el-Sisi gutwara gushika mu 2030.

Umukuru wa komisiyo ijejwe gutegura amatora, Lasheen Ibrahim Soliman Lasheen, ejo kuwa kabiri niho yatangaje ibiharuro vyavuye mur’ayo matora ya kamarampaka.

Ariko abatemera iyo kamarampaka bagiriza reta ya Sisi kuba yarateye ubwoba abanyagihugu kugira batore ego. Bagiriza kandi reta ko yahendesheje abanyagihugu imfungurwa hamwe n’uburyo bwo kwiyunguruza kuja ku biro vy’amatora.

Abatemera iyo ngingo bavuze kandi ko iryo hinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro rigiye gusubiza inyuma ivyipfuzo vya demokarasi vyo mu 2011, igihe abanyagihugu bavira hasi rimwe bakuraho intwaro y’igikenye ya Hosni Mubarak yar’amaze imyaka 30 ku butegetsi.

Abashigikiye iyo ngingo bavuga ko bizofasha igihugu gutekana no gukemura ibibazo vy’ubutunzi.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku burenganzira bwa kiremwa muntu, Amnesty International ryashikirije ko iryo hinduka rizokwongereza ingeso yo kudahana abahungabanya agateka ka muntu barimwo abajejwe umutekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG