Uko wahagera

USA Izoshimira Uwuzovuga aho Hezbollah Ukura Amafaranga


Abarwanyi b'umuhari Hezbollah muri defile mu bumanuko bwa Beirut, Libani, 12/11/2010.
Abarwanyi b'umuhari Hezbollah muri defile mu bumanuko bwa Beirut, Libani, 12/11/2010.

Reta zunze ubumwe za Amerika zemereye agashimwe k’imiliyoni zirenga 10 z’amadolari kuwuzotanga amakuru azohungabanya ubutunzi bw’umuhari Hezbollah wo muri Libani.

Ubushikiranganji bwa Amerika bw’imigenderanire n’ayandi makungu bwatangaje ako gashimwe kuri uyu wa mbere, buvuga ko kazohabwa abazotanga amakuru y’abaha imfashanyo z’utuganuke, abatanga amafaranga hamwe n’abikorera utwabo bafasha uwo muhari, ndetse n’amabanki yorohereza uwo muhari kuronka amafaranga.

Umuhari Hezbollah washizwe ku rutonde rw’umuhari w’iterabwoba n’ubushikiranganji bwa Amerika bw’imigenderanire mu 1997.

Uwo muhari w’aba Shi'ite, ushigikiwe na Irani, warongereje ibikorwa muri reta ya Libani. Wagirizwa kuba ariwo urungika abarwanyi muri Siriya gufasha perezida Bashar Assad.




Facebook Forum

XS
SM
MD
LG