Uko wahagera

Perezida wa Misiri Arondera Gutwara Gushika mu 2030


Perezida wa Misiri Abdel Fattah el-Sisi mu mubonano na perezida w'Uburusiya i Sochi, mu Burusiya, 17/10/2018.

AbanyaMisiri bari mu makungu batangura gutora kuri uyu wa gatanu mu matora ya kamarampaka agamije guhinyanyura ibwirizwa nshingiro rishobora guha uburenganzira perezida Abdel Fattah el-Sissi bwo kuguma ku butegetsi gushika mu mwaka wa 2030.

Muri Misiri, bitegekanijwe ko bazotora ejo kuwa gatandatu, mu gihe ata ndwi yari bwahere inama nshingamateka yemeje iyo ngingo.

Mu gihe abanyagihugu boryemeza, ikiringo umukuru w’igihugu amara ku butegetsi kizoca kiva ku myaka ine kije ku myaka itandatu, kandi perezida Sissi azoca yemererwa kwitoza mu kiringo kigira gatatu muri 2024.

Abakurikirana poritike yo muri Misiri bavuga ko iryo tora ari ukwitorera ubutegetsi mu gihugu imigambwe nka yose itavugarumwe na reta isa n’iyitakiriho.

Abanegura itunganywa ry’iyo kamarampaka bavuga ko igihugu kigiye gusubira inyuma nko mu ntwaro y’umukazo ya Hosni Mubarak yahoze akirongoye imyaka iharurwa 30.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG