Uko wahagera

USA: Raporo ya Robert Mueller Irahabwa Abashingamateka


Umushikirangani w'Ubutungane muri Reta zunze ubumwe z'Amerika, William Barr.

Umushikiranganji w’ubutungane wa Reta zunze ubumwe za Amerika, William Bar,r hamwe n’icegera ciwe Rod Rosenstein bararemesha ikiganiro n’abamenyeshamakuru mu gitondo co kuri uyu wa kane, kuri raporo w’umushingwamanza adasanzwe Robert Mueller yatohoje ku ruhara Uburusiya bwoba bwaragize mu matora yo muri 2016.

Icegeranyo kigabanije c’iyo raporo ya Mueller kirarungikirwa Kongere y’Amerika mu masaha ari hagati ya satanu na sasita z’umurango zo kuri uyu wa kane mu masaha y’i Washington.

Abashingamateka bo mu mugambwe w’abademokrate baciye bavuga ko umushikiranganji William Barr ariko agerageza gushaka guhindura ivyo yari yaravuze akironka iyo raporo.

Amatohoza yakozwe n’umushingwamanza adasanzwe Robert yari atumbereye kumenya nimba abari mu murwi wo kwiyamamaza kwa Trump boba barakoranye n’Uburusiya canke nimba Trump amaze kuba perezida yararemereye ubutungane, mu gushaka kuyovya ayo matohoza.




Facebook Forum

XS
SM
MD
LG