Uko wahagera

Amerika n'Abatalibani Biyemeje Gusubira mu Biganiro


Abategetsi ba Amerika hamwe n’Abatalibani bashikirije ko ibiganiro vy’amahoro bimaze amezi bikwiye kubandanya n’aho ugutana mu mitwe kubandanya muri Afuganistani.

Abasirikare ba Afuganistani bafashwe mu mugongo na Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’abarwanyi b’Abatalibani bose bavuga ko batakaje abarwanyi batari bake kuva ku musi wa gatanu, igihe Abatalibani batangaza ko bavuguruye imirwano mur’iki gihe c’inyuma y’imbeho, mu ntambara igeze mu myaka 18.

Ejo ku munsi wa mbere, impande zose uko ari zibiri zashikirije ko zitegekanya gusubira ku meza y’ibiganiro kandi biteze kwongera kubonana muri Qatar imbere yuko uku kwezi kwa kane kurangira.

Ivyo biganiro hagati ya Amerika n’Abatalibani muri Qatar bishimikiye ku bintu bibiri: Amerika yemera ko ishobora gukura abasirikare bayo muri Afuganistani, Abatalibani nabo bakemera ko iterabwoba ritazokwongera guhabwa indaro muri Afuganistani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG