Uko wahagera

Katedrale y'i Paris Yaturiwe n'Umuriro Utaramenyekana Icawuteye


Imbeya hamwe n'imyotsi igihe Katedrale Notre-Dame, i Paris 15/04/2019.
Imbeya hamwe n'imyotsi igihe Katedrale Notre-Dame, i Paris 15/04/2019.

Umuriro ukomeye utaramenyekana inkomoko waturiye Katedrale Notre Dame i Paris, ku murwa mukuru w’Ubufaransa.

Umuvugizi w’iyo Katedrale, Andre Finot, yabwiye itangazamakuru mu Bufaransa kur'uyu wa mbere ko indani y’iyo nyubakwa hahiye kandi hasa n’ahasambutse.

Abajejwe kuzimya imiriro baharurwa mu majana bamaze ijoro barwana n’uwo muriro bakoresheje amazi.

Igiporisi kivuga ko ata bahasize ubuzima. Ntibiramenyekana ko hari uwoba yaturiwe n’uwo muriro canke n’icoba catumye waduka.

Ibimenyeshamakuru mu Bufaransa vyashikirije ko abategetsi bajejwe kuzimya imiriro bavuze ko ibikorwa vyo gusanura Katedrale vyoba arivyo vyabaye intandaro y’uwo muriro.

Perezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron yashikirije ko ababajwe n’ivyabaye kandi yagendeye iyo Katedrale.

Ibiro vy’umushikirizamanza w’i Paris yashikirije ko yatanguje amatohoza y’icateye uwo muriro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG