Uko wahagera

Ivanka Trump mu Rugendo muri Afrika Gukangurira Abakenyezi


Ivanka Trump, umuhanuzi mu biro vya perezida, White House, muri Etiyopiya. Itariki 14/04/2019
Ivanka Trump, umuhanuzi mu biro vya perezida, White House, muri Etiyopiya. Itariki 14/04/2019

Ivanka Trump yashitse i Addis Abeba, ku murwa mukuru wa Etiyopiya, ejo kuw’Imana mu nama izohuza abakenyezi, izoba igamije kubahamagarira kugira uruhara no kwigenga muvy’ubutunzi.

Uwo mukobwa wa perezida Donald Trump akaba ari n’umuhanuzi mu biro kwa perezida yagendeye ihinguriro ry’impuzu i Addis Abeba. Yagiye gushigikira umugambi w’imiriyoni 50 z’amadolari watangujwe na se mu kwezi kwa kabiri ugamije guhamagarira abakenyezi gukora ubuzi mu bihugu biri mu nzira y’amajambere.

Ntibiragaragara ko amajambo perezida Trump yashikirije avuga nabi Afrika har’ingaruka mbi bizogira kur’uru rugendo umukobwa wiwe arimwo ku mugabane wa Afrika.

Bitegekanijwe ko Ivanka Trump azobonana na perezida wa Etiyopiya Sahle-Work Zewde n’umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed imbere y’uko abandaniriza urwo rugendo muri Cote d’Ivuware aho azokwifatanya n’abakenyezi mu nama y’ubutunzi muri Afrika y’uburengero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG