Ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’umuryango w’ubumwe bwa Buraya basaba guhagarika bidatevye intambara muri Libiya ishobora guhungabanya akarere kose.
Reta zidacana uwaka ziriko zirarwanira kugenzura umurwa mukuru Tripoli, reta y’umushikiranganji wa mbere yemewe n’amakungu Fayez al-Serraj iri Tripoli, hamwe n’iya Jenerali Khalifa Haftar iri mu buseruko.
Umuvugizi wa ONU Stephane Dujarric yashikirije ejo kuwa kane ko abasivile barenga 8,000 bataye ingo zabo kandi abaganga babiri bafasha mu vyo gutabara bamaze kwicwa.
ONU isaba ko hotangwa agahengwe kugira imfashanyo zishobore gushikanywa ku banyagihugu kandi baronke n’amayira yo guhunga. Umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres avuga ko ata nyishu ya gisirikare ishoboka kandi impande zishamiranye zikwiye kugaruka kurondera umuti wa poritike.
Ubumwe bwa Buraya busaba abasirikare bashigikiye Jenerali Haftar guhagarika ibitero bagana ku murwa mukuru.
Imirwano yo gushaka kugenzura Tripoli ejo kuwa kane yari ikomeye cane cane mu micungararo yo mu bumanuko bw’umurwa mukuru. ONU ivuga ko abantu bashika 56 bamaze kwicwa mu gihe reta ya al-Serraj ivuga ko abanyororo 200 bagizwe imbohe.
Libiya cinjiye mu ndyane za poritike n’ibibazo vy’ubutunzi kuv’aho Moammar Gadhafi akuriwe ku butegetsi no kwicwa mu mwaka wa 2011.
Facebook Forum