Uko wahagera

Amerika Isaba ONU Kwemeza Guaido nka Perezida wa Venezuela


Icegera c'umukuru w'igihugu wa Amerika, Mike Pence, hagati, avuga kuri Venezuela mu nama ya ONU ijejwe amahoro n'umutekano, New York, 10/04/2019.
Icegera c'umukuru w'igihugu wa Amerika, Mike Pence, hagati, avuga kuri Venezuela mu nama ya ONU ijejwe amahoro n'umutekano, New York, 10/04/2019.

Icegera c’umukuru w’igihugu muri Reta zunze ubumwe za Amerika, Mike Pence yateye akamo ishirahamwe mpuzamakungu ONU guhagararira demokarasi no kwemeza uwutavuga rumwe na reta muri Venezuela Juan Guaido, nk’umukuru w’igihugu yemewe.

Pence yavuze ko Reta zunze ubumwe za Amerika iriko irategura integuro y’itegeko ryo kwemeza reta ya Guaido kandi agasaba amakungu kuyishigikira.

Ntibiramenyekana nimba Amerika ishaka gushika kur’uyo mugambi ibicishije mu nama ya ONU ijejwe umutekano, aho Uburusiya bushobora kuwuburizamwo canke nimba Amerika izobicisha mu nama ya bose ya ONU aho ibihugu vyose bifise ijambo n’ico bibivugako.

Abo bigeze ubu, ibihugu 54 biramaze kwifatanya na Amerika mu kwemeza reta ya Guaido inyuma y’aho atangaje ko ariwe mukuru w’igihugu w’imfatakibanza mu ntango z’uyu mwaka. Mu gihe ONU irimwo ibihugu 193 ntibiramenyekana ibihugu bizoshigikira iyo ngingo.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG