Ugutana mu mitwe hagati y’amareta muri Libiya arondera kugenzura umurwa mukuru ejo kuwa gatatu kwariyongereye mu gihe Inama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe umutekano itegekanya gukorana kur’izo ntambara.
Igisirikare ca Jenerali Khalifa Haftar cashinze reta yaco mu buseruko. Inteko ziwe ziriko zirwanya iz’umushikiranganji wa mbere Fayez al-Serraj na reta yiwe ikorera mu burengero bwa Tripoli kandi yemewe n’amakungu.
Imirwano yo ku musi wa gatatu yabereye mu micungararo y’ubumanuko bw’umurwa mukuru aho ibihumbi vy’abanyagihugu bataye ingo zabo kumvo z’umutekano wabo.
Ubwongereza n’Ubudagi vyatumyeko kuri uyu wa kane inama mu kanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano yo kuvugana kur’ico kibazo.
Abategetsi ba ONU bafise ubwoba ko izo ntambara muri Libiya zishobora guhungabanya akarere kose ko mu buseruko bwo hagati mu gutuma impunzi zihitamwo guhungira i Bulaya baciye muri mediterane, kandi zishobora guhungabanya ihingurwa ry’ibitoro, bikanugururira umuryango imihari y’iterabwoba.
Facebook Forum