Uko wahagera

Isirayeli: Netanyahu Ashobora Gutsindira Inama Nshingamateka


Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu aramutsa abamuyoboka inyuma y'aho ibiro vy'amatora vyugaye i Tel Aviv, Isirayeli, 10/04/2019.
Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu aramutsa abamuyoboka inyuma y'aho ibiro vy'amatora vyugaye i Tel Aviv, Isirayeli, 10/04/2019.

Televiziyo zibiri zo muri Isirayeli zari zashikirije ko ibiharuro vyavuye mu matora y’abashingamateka vyimirije gutangazwa, ubu naho zashikirije ko umugambwe Likud w’umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu aza imbere gato mu majwi y’uwo bahiganwa.

Ku majwi amaze guharurwa, umugambwe Likud hamwe n’urunani barikumwe basa n’abagiye kuronka intebe nyinshi z’abashingamateka.

Ariko uwo bahiganwa Benny Gantz, yahoze arongoye ibiro bikuru vya gisirikare, aracavuga ko umugambwe wiwe Blue and White watsinze.

Netanyahu yizeye gutsindira ikiringo ca gatanu nk’umushikiranganji wa mbere n’aho akurikiranwa n'ubutungane ku vyaha vyo kurya ibiturire.

Mu gihe yotsinda, Netanyahu yoba abaye umushikiranganji wa mbere atwaye igihe kirekire, kurusha se wiwe David Ben-Gurion.

Umushikirizamanza mukuru wa Isirayeli ategekanya kwagiriza Netanyahu ivyaha vya ruswa, ubunyonyezi bw’amatungo y’igihugu. Netanyahu yavuze ko ariko ahigwa nk’umurozi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG