Uko wahagera

Prezida Macron Yakiriye Abayobozi ba IBUKA mu Bufransa


Prezida w’igihugu c’Ubufransa, Emmanuel Macron, yashizeho umurwi w’abashakashatsi bajejwe gutohoza uruhara igihugu ce gishobora kuba caragize muri iryo honyabwoko.

Imisi ibiri imbere y’uko ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu Rwanda ryibukwa, Prezida Macron atazoba ahari yakiriye uno musi ku wa gatanu abaserukira ishirahamwe IBUKA ishami ryo mu Bufransa.

Igihe Prezida Macron yahura nabo, yabatangarije ivyerekeye ishirwaho ry’umurwi w’abahinga. Umukuru wa IBUKA mu Bufransa, Marcel Kabanda, avuga ko gushiraho uwo murwi w’abahinga n’abashakashatsi ari ikimenyetso gikomeye. Asigura ko muri iki gihe ari ugukwirikirana uko ibintu bizogenda.

Ivyanditswe biri mu bubiko n’ikibazo nkoramutima mu twigoro tw’ukurondera kumenya ivyabaye mu mateka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG