Uko wahagera

Trump Arashima Intambuko Zatewe na NATO mu Ntererano


Perezida Donald Trump mu mubonano n'umunyamabanga mukuru wa NATO, Jens Stoltenberg mu biro White House i Washington, itariki 02/04/2019.
Perezida Donald Trump mu mubonano n'umunyamabanga mukuru wa NATO, Jens Stoltenberg mu biro White House i Washington, itariki 02/04/2019.

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump arashima intambwe ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu burengero bw’isi vyiyemeje kurwaniriza umwansi hamwe (NATO), hamwe n’umurongozi waryo Jens Stoltenberg, hari mu mubonano bagiranye ejo kuwa kabiri n’umunyamabanga mukuru waryo.

Trump yavuze ko hari intambuko zatewe ariko anegura Ubudagi kubona butariko burariha neza intererano yabwo.

Trump yongeye gushikiriza amakenga yiwe ko Amerika itanga amafaranga y’umurengera mu gukingira Uburayi.

Kuva agishika ku butegetsi mu mwaka wa 2017, Trump yamye agabisha ko ashobora gufata ingingo mu gihe ibihugu bigize umuryango NATO bitotanga intererano vyiyemeje yo kwikingira, ivyatumye iryo shirahamwe ryinjira mu bibazo.

Ibihugu 7 kuri 29 bigize uwo muryango nivyo vyashikije intererano isabwa mu mwaka wa 2018.





Facebook Forum

XS
SM
MD
LG