Umushikirizamanza mukuru wa Venezuela ariko asaba abashingamateka gukura ubudahangagwa kuri Juan Guaido atavugarumwe n’ubutegetsi, ingingo mu gihe yokwemezwa ishobora kuba inzira yuko atabwa mw’ibohero.
Umushikirizamanza mukuru Maikel Moreno ejo kuwa mbere yavuze ko Guaido akwiriye gufungwa kuko yarenze kw’itegeko rya sentare ryamubuza gusohoka hanze y’igihugu.
Guaido, asanzwe afise ubudahangagwa ahabwa n’amategeko nk’umukuru w’inama nshingamateka, mu kwezi guheze yaragendeye ibihugu bitari bike vyo muri Amerika yo mu bumanuko asaba imfashanyo yo gukura Perezida Nicolas Maduro ku butegetsi.
Reta ya Maduro kandi yagiriza Guaido guhamagarira abanyagihugu mu mabarabara kudurumbanya igihugu kandi ko ahabwa amafaranga adaciye mu buryo bwiza n’abanyamahanga.
Facebook Forum