Uko wahagera

Umushikirizamanza Mukuru Asaba ko Guaido Yakwa Ubudahangarwa


Umushikirizamanza mukuru wa Venezuela Maikel Moreno yugurura umwaka w'ubutungane muri sentare nkuru i Caracas, Venezuela, itariki 24/01/2019.
Umushikirizamanza mukuru wa Venezuela Maikel Moreno yugurura umwaka w'ubutungane muri sentare nkuru i Caracas, Venezuela, itariki 24/01/2019.

Umushikirizamanza mukuru wa Venezuela ariko asaba abashingamateka gukura ubudahangagwa kuri Juan Guaido atavugarumwe n’ubutegetsi, ingingo mu gihe yokwemezwa ishobora kuba inzira yuko atabwa mw’ibohero.

Umushikirizamanza mukuru Maikel Moreno ejo kuwa mbere yavuze ko Guaido akwiriye gufungwa kuko yarenze kw’itegeko rya sentare ryamubuza gusohoka hanze y’igihugu.

Guaido, asanzwe afise ubudahangagwa ahabwa n’amategeko nk’umukuru w’inama nshingamateka, mu kwezi guheze yaragendeye ibihugu bitari bike vyo muri Amerika yo mu bumanuko asaba imfashanyo yo gukura Perezida Nicolas Maduro ku butegetsi.

Reta ya Maduro kandi yagiriza Guaido guhamagarira abanyagihugu mu mabarabara kudurumbanya igihugu kandi ko ahabwa amafaranga adaciye mu buryo bwiza n’abanyamahanga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG