Uko wahagera

Amerika Igabisha Kwugara Urubibe Ihana na Mexique


Imodokari zitonze zinjira muri Mexique zivuye muri USA ku rubibe mu gisagara ca El Paso, Texas, italiki 29/03/2019.
Imodokari zitonze zinjira muri Mexique zivuye muri USA ku rubibe mu gisagara ca El Paso, Texas, italiki 29/03/2019.

Reta ya Donald Trump ejo kuw’Imana yasavye igihugu ca Mexique hamwe n’ibindi bihugu bitatu vyo muri Amerika yo hagati guhagarika ibihumbi vy’abimukira batagira ivyangombwa bariko berekeza muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

Umunyamabanga mukuru w’imfatakibanza mu biro vya Perezida White House Mick Mulvaney yabibwiye ibihugu vya Mexique, Guatemala, Honduras na El Salvador mu kiganiro kuri televiziyo ABC News yo muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

Yagaragaje ko Perezida Donald Trump ashobora kwugara urubibe Amerika ihana na Mexique mu minsi iri imbere, kandi ko ashobora guhagarika imiliyoni 500 z’amadolari Amerika ifashisha ivyo bihugu bitatu mu gihe ivyo bitokorwa.

Umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu n’umutekano muri Amerika Kirstjen Nielsen mu ndwi iheze yarasinye amasezerano y’umutekano w’urubibe na Guatemala, Honduras na El Salvador agamije guhagarika abimukira mu gihugu mu buryo butubahirije amategeko no guhagarika ibiyayura mutwe vyinjira muri Amerika bivuye mur’ivyo bihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG