Inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kuwa kane yaratoye yongera iremeza ubwa mbere itegeko risaba ibihugu bigize ONU gukomeza amategeko ahana abaha uburyo bw’amafaranga abakora iterabwoba.
Abahinga bavuga ko bibiri vya gatatu vy’abagize inama ya ONU badahana bikwiye abafasha abakora iterabwoba kuronka amafaranga.
Ibihugu bitazokurikiza iyi ngingo bizofatirwa ibihano na ONU.
Umukuru w’igisata ca ONU kirwanya iterabwoba, Vladimir Voronkov yavuze ko iri tegeko rije mu gihe abakora iterabwoba bafise amafaranga baronse biciye mu buryo buteye kubiri n’amategeko, harimwo no kudandaza ibiyayura mutwe.
Iyi ngingo kandi isaba ibihugu guhagarika umugenzo wo guha amahera abanyuruza abantu kugira babarekure, kuko ngo ayo mafaranga niyo aheza agakoreshwa n’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu hamwe n’iyindi.
Facebook Forum