Uko wahagera

Perezida Trump Asaba Abasirikare b'Uburusiya Kuva muri Venezuela


Perezida wa Amerika Donald Trump na Fabiana Rosales, umukenyezi wa Juan Guaido atavuga rumwe n'ubutegetsi muri Venezuela, muri White House i Washington, itariki 27/03/2019.

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump asaba Uburusiya kuva muri Venezuela, inyuma y’aho abasirikare b’Uburusiya bashikiye mur’ico gihugu.

Abajijwe ejo kuwa gatatu nimba Amerika izorungika abasirikare kwirukana abasirikare b’Uburusiya, Trump yavuze ko imikenyuro yose ishoboka kandi ko Uburusiya buzi neza ico Amerika ishobora gukora.

Trump yabishikirije abamenyeshamakuru kuri White House ari kumwe na Fabiana Rosales, umupfasoni wa Juan Guaido yitangaje ko ari perezida w’imfatakibanza wa Venezuela.

Reta zunze ubumwe za Amerika, hamwe n’ibindi bihugu bitari bike, vyemeza ko Guaido ari we perezida w’imfatakibanza, mu gihe Uburusiya bushigikiye Perezida Nicolas Maduro.

Guaido, muri Venezuela ejo kuwa gatatu, yasavye abanyagihugu bamuyoboka kuzoja mu mabarabara ku musi wa gatandatu kwiyamiriza icika ry’umuyagankuba mu gihugu cose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG