Uko wahagera

Amerika Yugaye Ambasade Yayo muri Venezuela


Umushikiranganji w'imigenderanire n'ayandi makungu wa Reta zunze ubumwe za Amerika Mike Pompeo
Umushikiranganji w'imigenderanire n'ayandi makungu wa Reta zunze ubumwe za Amerika Mike Pompeo

Intumwa idasanzwe ya Reta zunze ubumwe za Amerika muri Venezuela, Elliott Abrams, avuga ko reta ya Trump igiye gushikiriza ibindi bihano ruhasha kuri Venezuela muri iyi ndwi.

Nta nsiguro yatanze igihe yashikiriza ivyo ejo kuwa kabiri, ariko yavuze ko bizoba vyerekeye amabanki hamwe no guhagarika ama visa.

Amerika iramaze gufatira ibihano abategetsi bajejwe umutekano, ishirahamwe rya reta ry’ibitoro, hamwe na banki Venezuela isangiye n’Uburusiya.

Abrams ashikirije ivyo inyuma y’aho umushikiranganji w’imigenderanire wa Amerika n’ayandi makungu, Mike Pompeo atangarije ko Amerika yugaye ambasade yayo i Caracas no gutahukana abakozi bose basigayeyo.

Pompeo yavuze ko iyo ngingo ari ingaruka y’icuka kibi kiri muri Venezuela.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG