Uko wahagera

Amerika Irondera Uburyo Bwo Kwinjiza Imfashanyo Muri Venezuela


Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire, Mike Pompeo
Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire, Mike Pompeo

Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makuru wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Mike Pompeo ashikiriza ko Amerika iriko irihweza inzira yokoreshwa kugira imfashanyo zishikire abanyagihugu muri Venezuela, inyuma y’aho abasirikare bayoboka Nicolas Maduro basubirije inyuma amakamyo y’imfashanyo inyuma y'intureka zabereye ku mbibe ico gihugu gihana na Brezil hamwe na Colombiya.

Mu kiganiro yahaye televiziyo CNN yo muri Amerika, uwo mutegetsi wo ku rwego rwo hejuru ntiyatomoye uburyo buzokoreshwa mu kwinjiza izo mfashanyo mu gihe abasirikare ba Venezuela bameze magabo ku mbibe.

Yashikirije ko Amerika ishobora gushiraho ibindi bihano bizotuma Maduro agondozwa agahebera ubutegetsi Juan Guaido arongoye inama nshingamateka kandi ashigikiwe na Amerika hamwe n’ibindi bihugu bishika 50.

Icegera c’umukuru w’igihugu muri Amerika, Mike Pence kuri uyu wa mbere ategekanya guhura na Guaido hamwe n’abandi bategetsi bo mur’ako karere i Bogota, ku murwa mukuru wa Colombia, bafatire hamwe umukenyuro wo kwinjiza izo mfashanyo muri Venezuela.

Maduro yarazibiye izo mfashanyo zarungitswe na Reta zunze ubumwe za Amerika, yitwaje ko ari amayeri Amerika igomba gukoresha kugira ifate igihugu ciwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG