Uko wahagera

Amerika Isabwa Gutanga Abivye Ambasade ya Koreya ya Ruguru


Ambasade ya Koreya ya Ruguru i Madrid muri Espanye
Ambasade ya Koreya ya Ruguru i Madrid muri Espanye

Igihugu ca Esipanye gisaba Reta zunze ubumwe za Amerika kukirungikira abantu 10 bavogereye ambasade ya Koreya ya ruguru i Madrid mu kwezi guheze kandi bageregeza kwibira amakuru ibiro vy’inyamiramabi FBI.

Umushikirizamanza muri Esipanye avuga ko abo bantu bose 10 bahungiye muri Reta zunze ubumwe za Amerika inyuma yo kwinjira muri iyo ambasade kw’igenekerezo rya 22 ukwezi kwa kabiri.

Igiporisi ca Espanye kivuga ko abo bantu bahunze bivye imashini za ordinateri bakuye mu modoka ya ambasade bivye.

Ntibizwi ko ibiro FBI vyahawe ayo mabanga yibwe. FBI yashikirije ko batohakana canke ngo bemeze ko hari amatohoza kanaka yoba ariko arakorwa.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu muri Amerika yashikirije ejo kuwa kabiri ko ataco azi kuri ico ciswe igitero kuri ambasade ya Koreya ya ruguru i Madrid.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG