Uko wahagera

Guterres Asaba Ituze mu Karere ka Gaza


Imiriro n'imyotsi, inyuma y'ibitero vy'indege za isirayeli mu karere ka gaza, Itariki 25/03/2019.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ejo kuwa kabiri yasavye ituze mu karere ka Gaza, aho indege za gisirikare za Isirayeli zagavye ibitero mu gatondo, bihora ibisasu vya roketi vyatewe muri Isirayeli bivuye muri Palestina.

Abarwanyi b’umuhari Hamas nibo bari inyuma ya roketi yo kuwa mbere yatewe iturutse i Gaza, aho uwo muhari ugenzura. Abantu indwi iyo roketi yasanze mu nzu barakomeretse mu buraruko bwa Tel Aviv muri Isirayeli.

Isirayeli yishuye n’urukurikirane rw’ibitero vy’indege mu karere ka Gaza, harimwo n’ibiro vy’umukuru wa Hamas.

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu yari i Washington ku musi wa mbere igihe roketi ya mbere yaterwa. Yaciye acira hagati urwo rugendo ahitamwo gutahuka gukemura ico kibazo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG